France: Kwanka iduzwa ry’imyaka y’ikiruhuko c’izabukuru kwahagaritse akazi – BBC News Gahuza
Ibimuri n’ingoma ubwo Abafaransa bari mu myiyerekano yo guhagarika akazi kubera imyaka yo gufatirako ikiruhuko c’izabukuru
Umugambi wimpinduka prezida Macron ashaka gukora uri mu gihe cugupfa canke ugukira, mu gihe amashirahamwe yabakozi yahagaritse akazi akanatunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wo kuduza imyaka yo gufatirako ikiruhuko cizabukuru.
Integuro nshasha yimirije kurungikwa mu nama nshingamateka izoduza imyaka yo gufatirako ikuruhuko cizabukuru mu kazi ive kuri 62 ije kuri 64.
Igisata co kwunguruza abantu cakozweko canne, amashure menshi nayo arugaye.
Abantu bitavye ku bwinshi mu bibanza birenga 200 vyabereyemwo imyiyirekano mu gihugu cose. Canne Iyikomeye yitezwe kubera ku murwa mukuru Paris.
Amasendika manini manini yari yitezwe kwihereza amabarabara kuva kuri Place de la République inyuma yumutaga.
Abantu ibihumbi nibihumbi bihereje amabarabara mu gitondo mu bisagara nka Nantes, Lyon, Bordeaux, Marseille na Toulouse. Mu gihe abadereva bamatereni, abakozi ba reta nabo mu mahinguriro ayungurura igitoro basivye ku kazi.
Ku mabarabara amwe amwe yitereni, imwe kuri 10 niyo yakora, mu gihe mu matereni ko mu kuzimu hakora imparurwa. Sendika nkuru yo mu mashure yisunbuye yavuze ko 65% yabigisha bahagaritse akazi, nubwo ubushikiranganji bwindero buvuga ko ari 35% gusa,
Philippe Martinez, umukuru wa sendika CGT yiteze ko abantu barenga umuriyoni aribo bari kwihereza amabarabara. Igiporisi cari cagomowe ku bwinshi i Paris mu gihe hoba intureka zabacengetereye bo mu biyita bloc noir bingendo ikaze mu ruhande rwaba socialiste.
Muri izo nteguro zasiguwe muri uku kwezi numushikiranganji wa mbere lisabeth Borne, kuva mu 2027 abantu bazohora bakora imyaka 43 kugira bemerwe kuronka agahembo kizabukuru (pension) kuzuye, gushika ubu iyo myaka ikaba yari 42.
Ahavuye isanamu, BERTRAND GUAY/PISCINE/EPA-EFE/REX/Shutt
lisabeth borne izo mpinduka yazishize ahabona ku ndwi iheze
Mu gihe reta ishimagiza iyo ngingo nka nkoramutima kugira iringanizwa ryamafaranga yizabukuru igume itunganye neza mu Bufaransa, iyo mpinduka yanswe cane mu banyagihugu aho 68% bavuga ko batayerekwa, ku bw’ibiharuro vyo kugereranya vya IFOP vyo ku ndwi iheze.
Amasendika yigihugu cose -harimwo nayitwa ko ari ayimpinduka reta yari yizeye ko azoyishigikira yose yiyamirije iyo ngingo, nkuko yiyamirijwe kandi nimpande zitavuga rumwe nubutegetsi muri extreme gauche no muri extreme droite mu nama nshingamateka.
Prezida Emmanuel Macron yari mu rugendo muri Espagne ku wa kane , ariko umushikiranganji ajejwe akazi Olivier Dussopt yagabishije ko bamwe mu bateye kubiri nuwo mugambi bakoresha ico kibazo mu gukwiragiza amakuru yibinyoma kugira bagendere ku bwoba bwabantu.
Kubera umugambwe wiwe wa Renaissance udafise ubwiganze mu nama nshingamateka, prezida Macron azotegerezwa kuzera bashingametaka 60 canke barenga bo mu mugambwe waba Républicains. Nubwo ku bisanzwe bumva impinduka zerekeye ikiruhuko cizabukuru, nabo nyene bamwe muri bo bavuze ko bashobora gutora bayanka.
Mu gihe igikorwa co mu nama nshingamateka kizomara iminsi itari mike, Macron ahanzwe nuko ukuterekwa iyo ngingo kuzob uruhererekane, bikaba vyitezwe ko hashobora kuba iyindi minsi yimyiyerekano.
Aho bishobora kuba bibi ni mu gihe guhagarika akazi vyoba uruhererekane mu gutwara abantu nibintu, ibitaro nububiko bwibitoro kuko ubuzima mu gihugu bwoca buhagarara.
Ahavuye isanamu, CHARLY TRIBALLEAU/AFP
Abantu ibihumbi bihaye amabarabara muri Toulouse
Abasesenguzi bemera ko icuka mu gihugu kigoye kupima, ko bidashoboka kutegekanya niba urugero rwiyo myirekano niryo hagarikwa ryakazi bihagije kugira bihatire umukuru wigihugu guheba umugambi wiwe. Ivyo bibaye, vyoca bituma ata gusubira kwitega impinduka zikomeye muri iki kiringo, ica kabiri ciwe.
Ikibazo gihagaze-t-il ?
Mu bufaransa ni abakozi cuire bafise indanginizo zingene bategekanya ku giti cabo amafaranga bazoronka bageze mu zabukuru biciye mu kuyashira mu mitahe (aho acuruzwa akaguma yunguka).
Umushikiranganji wa mbere asigura ko gukoresha abantu imyaka myinshi ari ukugira habe uguterana intege hagati yingero zitandukanye zurunganwe mu myaka.
Mu Bufaransa, amafaranga ahabwa abari mu kiruhuko cizabukuru ava mwisandugu yo gutegekaniriza abakozi, ya sandugu nyene nabakiriko barakora baguma batereramwo amafaranga buri kwezi. Abakozi barazi ko bazoronka nkayo amamaze kugenda baronka igihe nabo bazoshikirwa.
Ariko reta ivuga ko iyo ndinganizo iriko iraja mu kaga kuko urugero rwabaja mu zabukuru ruguma rwiyongera kurusha urwabakiri mu kazi.
Mu myaka 50 iheze, hari abakozi bane ku muntu umwe ari mu kiruhuko cizabukuru, ubu ni 1,7 ku muntu umwe ari mu kiruhuko cizabukuru. Kandi mu myaka ikurikira ho bizokwunyuka kurusha aho.
Kandi nibindi bihugu vya Buraya biramaze gutera intambwe mu kuduza imyaka yo gufata ikiruhuko ciza bukuru, aho nkakarorero, Ubutaliyano nUbudagi ari imyaka 67, Espagne nayo 65. Mu Bwongereza ubu ni 66.